ICO News

Rwanda: Rayon Sports 'yatandukanye' na Héritier Luvumbu nyuma yuko FERWAFA imuhanye ku 'kimenyetso ca politike' – BBC.com


Ahavuye isanamu, Facebook / Héritier Luvumbu

Insiguro y’isanamu,

Héritier Nzinga Luvumbu yari umukinyi kizigenza w’ikipe ya Rayon Sports FC

Umurwi Rayon Sports uvuga ko watandukanye n’uwari umukinyi kizigenza wawo, umusatirizi w’Umunye-Congo Héritier Nzinga Luvumbu.

Rayon Sports ivuga ko ico cemezo cashitsweko “ku bwumvikane bw’impande zompi”, ariko bibaye inyuma y’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda, FERWAFA, rihanishije Luvumbu guhagarikwa amezi atandatu kubera ‘ikimenyetso ca politike’ mu kibuga.

FERWAFA ivuga ko Luvumbu – yashitse bwa mbere muri Rayon Sports mu 2021 – yarenze ku mategeko y’inyifato mu kibuga c’umupira w’amaguru.

Ntaco Luvumbu arashikiriza ku mugaragaro.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.